N° 1 (2013) Kinyarwanda - Carmel in Burundi and Rwadna

Go to content

Main menu:

N° 1 (2013) Kinyarwanda

Scapular Conf. > S.C. Formation

URUHARA RW'ABALAYIKE MU BUTUMWA BWO

KUMENYESHA UBWAMI BW'IMANA



Itanguriro
Imana ivuga iti: "Tugire umuntu tumwishushanyeko, ase natwe" (Amamuko 1,26). Aya majambo yo mu gitabu c'Amamuko afise akamaro kanini kuko atwereka ko umuntu ataremwe co kimwe n'ibindi biremwa, ariko abirusha agaciro. Umuntu aguma arondera gusa n'Umuremyi. Ogustino mweranda niwe avuga ati: "Umutima wanje ntuzoshobora gutekana neza udatekaniye muri Wewe."Ni ukuvuga ko kuri ino si turi  mu rugendo. Urugendo tugira, turufatanya turugirana n'abandi. Tugenda turi mu muryango munini ari wo twita Ekleziya. Twokwibaza duti: Twokora iki kugirango urwo rugendo rugende neza? Twese Yezu aduhamagarira kuba beranda: "Mweho rero ni mube beranda nkuko so wanyu wo mw'ijuru ari mweranda" (Mt 5,48). Kugirango dushikire ubwo bweranda turafise ico dusabwa gukora. Dutegerezwa kugira urugendo.Umwe wese rero agira urwo rugendo akurikije ico ari muri "Ekleziya-Muryango". Muri kino kiganiro cacu turashimikira ku ruhara rw'umukristu asanzwe muri urwo rugendo. Umulayike yoba ategera gute uwo Muryango munini ahurikiyemwo?  

Umulayike ni muntu ki?
Imbere yo kuraba insiguro y'umulayike, tubanze turabe ico Ijambo ry'Imana ritubwira kubijanye n'uruhara rw'umulayike cane cane mu misi yambere ya Ekleziya-Muryango. Abakristu ba mbere "barashishikara muvyo kwigishwa n'abatumwa n'ukugira ubumwe, muvyo kumanyura Umukate n'ugusenga" (Ibik. 2,42). Ubwo bumwe bwarabaranga hagati yabo nibwo bwatuma bubaka Ekleziya maze ubwami bw'Imana bukwira hose. Ukwo gusangira vyose vyatuma atawumva ko hari ico atunze yisangije. Ni navyo tubandanya tuzirikana mu gitabu kivuga kahise k'intango ya Ekleziya. "Abari bamaze kwemera bose bari bahuje umutima n'umushaha kandi muri bo ntawagira ngo ivyo atunze ni rwiwe, yamara vyari ivya bose. N'uko rero abatumwa bagira ubukuru bwinshi mu gushingira intahe izuka ry'Umukama bagaterwa na bose iteka rinini. Vyongeye muri bo ntanumwe yari n'ico akenye. Harimwo abatunzi bafise imirima canke amazu, bakabigurisha hanyuma bakazana ikiguzi c'ivyo bari bagurishije. Ivyo biguzi bakabishikiriza Abatumwa nabo bakabigabangana abariho bose umw'umwe ibimukwiye (Ibik 4,32-35). Kiretse ivyo vyabaranga tubona hirya no hino muri Bibiriya abantu batandukanye barakwiragiza Inkuru Nziza (Ibik 11,19-21;18,26 ; Rom 16,1-16; Fil 4,3).

Muri iki gihe turimwo rero umulayike aributswa uruhara rwiwe muri Ekleziya. Ekleziya ni umuryango munini w’abana b’Imana. Umuntu yinjira muri uwo muryango igihe abatijwe. Paolo mweranda agereranya Ekleziya n’umubiri w’umuntu. Umubiri ni umwe ariko ingingo zikaba nyinshi. Nivyo Paolo mweranda adusigurira mw'ibaruwa ryiwe yandikiye abanyakorenti:" Nkuko umubiri ari umwe ukagira ingingo nyinshi, nazo izo ngingo zikagira umubiri umwe naho ari nyinshi, niko Kristu ameze nawe. None natwe muri Mutima umwe niho twabatirijwe twese ngo tube umubiri umwe ... koko, umubiri ntugirwa n'urugingo rumwe ariko ugirwa n'ingingo nyinshi... iyo urugingo rumwe rubabaye, ingingo zose zirababarana narwo, cabure iyo urugingo rumwe rutewe iteka, ingingo zose zihimbarana narwo" (1Kor 12,12-14.26-27). Ng'ico rero igituma twese abakristu dutegerezwa gufashanya kugirango Ubwami bw'Imana bukwire nk’uko tudahengeshanya kubisaba mu gisabisho Yezu wenyene yigishije abatumwa igihe tugira duti: "Ubwami bwawe nibuze" (Mt 6,10). Kwinagura rero mu migenzo birakenewe kugira ngo uwo muryango ubandanye gukura no gusagarara mu rukundo:"Ariko tugumane ukuri mu rukundo, tuzokura tugana mu buryo bwose uwur' Umutwe, ariwe Kristu" (Ef 4,15-16).

Abalayike rero ni imwe mu ngingo zigize uwo mubiri Kristu abereye umutwe. Iyo tuvuze abalayike twumva abakristu bose ukuyemwo abari mu rwego rwa gisaserdoti (abepiskopi, abapatiri n’abadiyakoni) n’abari mu miryango y’abihebey'Imana izwi na Ekleziya. Ni ukuvuga abantu bose babaye umwe na Kristu kubw'ibatisimu, binjiye mu muryango munini w’Imana bityo bagasangira umurimo wa gisaserdoti, wa gihanuzi, wa cami bikomoka kuri Kristu, bakaba barangura ubutumwa bwabo butandukanye mu rwego rw' abakristu muri Ekleziya no kw'isi.

Abalayike barangurira rero bimwe bishitse ubutumwa bwabo bwa misi yose mu ngo iwabo, mu kazi hirya no hino. Ni muri iyo mirimo itandukanye bakora, basabwe kuba ivyabona vya Kristu; kugaragaza ko Ubwami bw' Imana buri hagati y'abo. Ivyo bakora vyose bitegerezwa guha ishimagizwa Imana. Igihe cose berekeje ivyo bakora ku Mana, baba bariko barararushirizaho kugira isi nziza no kuyitagatifuza: "ni mwubakwe namwe nk'amabuye mazima mugire inyubakwa y'umutima y'ubusaserdoti bweranda, ngo muhereze amashikanwa yuzuye Mutima kandi akwiye gushimwa n'Imana  muri Yezu- Kristu(...) mweho muri umuryango Imana yitoreye ubusaserdoti bw'i bwami, igihugu ceranda, intara Imana yigaruriye kugirango muyagire isi ivyiza yagize mu kubakura mu mwijima ikabahamagarira mu muco wayo w'agatangaza; kera nta ntara mwarimwo, ariko noneho muri intara y'Imana; kera ntimwari bwagirirwe ikigongwe, ariko noneho mwarakigiriwe" (1Pet 2, 5.9-10). Aha niho hashimikiye ukugamburukira Imana nyakwo kujana no kwama twiyubura tukaba bashasha twese ababatijwe tukaba nka matara mashasha:"Benewacu, ndabahanuye kubw'ikigongwe c'Imana ngo muhereze imibiri yanyu nk'ishikanwa rizima ryeranda rishika Imana kunyota: "uko niko muyikorera ku mutima. Kandi ni mureke gufata imigenzo y'iyi si, ariko ni muhinduke mu kwama mwiyubara  ubwenge bwanyu ngo musobanure neza ivyo Imana ishaka, ari vyo vyiza, bishemeye kandi bitunganye rwose" (Rom 12,1-2).

Vyongeye kandi abalayike, mu buzima bwabo ni ikimenyetso kigaragara c’Ingoma y’Imana. Akaba arico gituma bategerezwa kwama biteguriye gutegera ivyerekeye amizero yabo:"Ariko muramutse mubonye amakuba muzira ubutungane, muzoba muhiriwe! Ntimutinye ubwoba babatera kandi ntimuhagarike umutima. Ariko ni mwubahe mu mishaha yanyu Kristu nk'Umukama mukwama mufise iryo mwishura umwe wese ababaza ivyerekeye wamwizero ubabamwo" (1Pet 3,14-15). Uko kwizera rero umulayike agukomora k’ubudahemuka:"Si ivyo bisa, turahimbawe kandi no mubitugora, tuziko ibitugora bivyara ubwiyumanganyi, ubwiyumanganyi bukavyara  uburindutsi , uburindutsi nabwo bukavyara umwizero. Nawo umwizero ntutetereza kuko urukundo rw'Imana  rusasagaye  mu mishaha yacu kubera Mutima Mutagatifu twahawe" (Rom 5, 3-5). Umulayike abaho mu buzima bwiwe yizigiye kuzoba mu bwami bw’Imana imyaka yose igihe cose azoba yatsinze icitwa inabi cose:"Igicumuro rero ni kireke kuganza mu mubiri wanyu ukwiye gupfa, mwoye kwumvira inyoshambi zaco; kandi ni mureke guhebera igicumuro ingingo zanyu ngo zirwanire ubugunge; ariko ni mwihebere Imana nk'abazima bavuye mu rupfu, mukayihebera ingingo zanyu ngo zirwanire ubutungane" (Rom 6,12-13).

Abalayike rero bazohereza ubutumwa bwabo mu kwemera, mu kwizigira no mu rukundo. "Ukwemera rero ni kwo shimikiro nyakuri ry'ivyo twizigiye, nico kimenyamenya c'ivyo tutabona" (Heb 11,1). Umwanditsi w'iryo baruwa arabandanya ati:"Ukwemera niko kwatumye kandi Ibrahimu agamburuka mu gihe yahamagarwa akagenda mu gihugu yari yagenewe kuzotorana kandi yagenda atazi iyo aja, agenda agana igihugu yari guhabwa ko iragi" (Heb 11,8). Ukwemera ntigutandukana n’ukwizigira, mbere n’urukundo. Nivyo Paolo mweranda aducira ku mayange  mu kuvuga ati: "Ubu turabira mucirore ivyijiji, ariko hanyuma tuzobona imbonankubone. Ubu nzi agace, ariko hanyuma nzomenya nkuko nanje menywa n'Imana. None rero hagumaho ukwemera ukwizigira n'Urukundo, ivyo uko ari bitatu; ariko ikibiheta vyose ni urukundo" (1Kor 13,12-14).

Ni twaba twemera ko hari ubuzima budahera, ukwizigira kuduha kumenya ko tubufise mu gihe ca none tubifashijwemwo n’ububasha bw'Imana aribwo rukundo rwayo rwakwiragijwe mu mitima yacu na Mutima Mweranda twahawe. Bisubiye kandi ibwirizwa rikuru kandi ari naryo ayandi yose ashimikiyeko riduha ingoga muri ubutumwa. Nta kindi Imana ishaka k’umukristu uwariwe wese atari ukugira ngo bose bayimenye. Yezu mu gisabisho asabira abasaserdoti avuga ati: "Ubuzima budahera nabwo ni ukumenya wewe Mana rudende y'ukuri n'uwo watumye Yezu-Kristu"(Yoh 17,3).

Itunga rya Ekleziya
Ekleziya, umuvyeyi rero mu minsi ya none ibandanya kutumenyesha itunga ryayo. Iyo ubajije abantu benshi uti: itunga rya Ekleziya ni irihe? Abenshi bakunda guca bishura bati: amazu, imodoka, amatongo n’ibindi. Itunga rya Ekleziya rero tworicamwo ibice bibiri: Itunga ritononekara n’iryononekara ni : Ijambo ry’Imana n’Amasakramentu. Ijambo ry’Imana ni Yezu Kristu ubwiwe nk’uko tubisanga mu ntango y’Inkuru Nziza ya nditswe na Yohani: "Mbere na mbere hose Jambo yariho, kandi Jambo yari kumwe n'Imana, kandi Jambo yari Imana" (Jn 1,1). Niwe rero Imana yaciyeko ngo itubwire ico yashaka kutubwira. Itunga rero Ekleziya ifise ni Imana ubwayo. Akaba ari co gituma Ekleziya itazokwigera iheza kwiga no kuzirikana uwo Jambo. Uwo Jambo rero niwe aduhishurira vyose: "Kuko ari Umwakaka w'Ubuninahazwa bwayo n'akaranga ka kamere yayo akaba ariwe ashigikiza vyose Ijambo ryayo ritananirwa" (Heb 1,3).

Amasakramentu nayo ni itunga rya Ekleziya kuko ari Kristu ubwiwe yayaduhaye kugira ngo atugumize mu bunywanyi bwacu n’Imana. Amasakramentu ni ibimenyetso bigaragara bidutagatifuza, bikaduhuza n’Imana. Ubuzima turonka mu masakramentu buduhuza n’Imana Data, Mwana na Mutima Mweranda, butuma dutorana ubuzima bw’Ubutatu Bweranda. Bityo bukaduha kubaho, gukora no kwitwararika rukristu mu vyo tubamwo mu buzima bwacu bwa misi yose. Amasakramentu nshimikiro (Ibatisimu, Ugukomezwa, n'Ukaristiya) adukomeza mu buzima bwacu; isakramentu ry’Ikigongwe n’Isiga kw’abarwaye aratugorora akadukomeza mu ntege nke zacu. Isakramentu ry’Ukwabirana ni ry’Ubusaserdoti atwugurira inzira y’ugukorera Ingoma y’Ijuru mu kwihebera abandi canke mu gufashanya n'abo. Amasakramentu niyo agize ubuzima bw’umukristu gatorika kuko tuzi neza ko mu yandi madini batagira masakramentu nkayo dufise muri Ekleziya.

Mutagatifu Toma w'i Akwini, umuhinga mu nyigisho zijanye n'ubumenyi mu vy'Imana niwe agabura amasakramentu mu bice bitatu akurikije ubuzima bw’umuntu uko dusanzwe tubuzi. Umuntu aravuka, agakura ariko mu kubaho kwiwe akenera kurya, iyo arwaye akenera kwivuza. Amasakramentu rero anonosora neza uwo mubano wacu n’Imana. Twese turazi neza ko dufise amasakramentu indwi : Batisimu, Ukarisitiya, Ugukomezwa, Penetensiya (isakramentu ry’Ikigongwe), Isiga ry’abarwaye, Ukwabirana, n'Ubusaserdoti.

Amasakaramentu agabuwemwo ibice bibiri. Hari ayo umuntu ahabwa rimwe gusa (Ibatisimu, Ugukomezwa n’Ubusaserdoti) kandi akaba afise ikimenyetso kitazimangana. Ayandi umuntu ashobora kuyahabwa kenshi. Muri rusangi umuntu ahabwa atandatu gusa. Bitewe n’impamvu zitandukanye umuntu ashobora kuyahabwa yose. Muri Ekleziya gatorika ya Roma, uhawe ubusaserdoti ntashobora kwubaka rukristu, uwubatse rukristu nawe ntaba agihawe ubusaserdoti. Kandi ubusaserdoti ntibuhabwa ab'igitsina gore.

Itunga rero ryononekara rigizwe n’abakristu, amatongo, inzu, imodoka, amafaranga n’ibindi. Ivyo vyose ni ibifasha kugira ngo Ubwami bw’Imana bubandanye kumenyeshwa no gukwizwa hose. Tubivuze mu yandi majambo, itunga ryononekara ni ibintu bikoreshwa kugira ngo Ekleziya irangure igikorwa cayo yahawe na Yezu-Kristu hano kw'isi. Nico gituma Ekleziya ubwayo ari isakramentu.

Ekleziya ntiriho kubwayo iriho kubwa Kristu kandi ikaba isabwe kwama irondera gusa nawe. Umukristu w’umulayike rero nawe ntakumiriwe muri urwo rugendo rugana Ubwami bw’ijuru. Arahimirizwa n’abandi bakristu (abasaserdoti, abihebey'Imana) na cane cane muri kino gihe isi yiziziwe, n'inabi akarenganyo, indyane, intambara n’ibindi.

Gusozera
Mu gusozera rero reka dushimikire k’umulayike w’umukarumeri. Twarabiye hamwe uko umulayike yokora ubutumwa bwiwe muri Ekleziya kugira ngo Ubwami bw’Imana bukwire hose. Ivyo umulayike w’umukarumeri yogaragaza mu buzima bwiwe ni vyinshi, dushimikire kuri kimwe gusa gikuru kandi ari na co twemeza ko ibindi vyoba bishingiyeko. Ukwemera gukurikira inzira ya Karumeri ni ukwemera kubaho mu buzima bw’igisabisho. Igisabisho ni kimwe mu vyo umulayike w’umukarumeri ategerezwa gukoresha ngo afashe mu gukwiza hose Ubwami bw'Ijuru. Ivyo ntibikura ivyo twamaze kuvuga. Ategerezwa  rero kurangwa n’ishaka ryaranze umuhanuzi Eliya. Eliya akamubera akarorero mu kuyaga n’Imana mu gisabisho ca misi yose. Ivyo bishoboka igihe umuntu ashoboye kurengera ihindagurika n’ingorane z'isi maze agatekana mu mutima :" Hanyuma haza umuyaga w'igihuhusi urasitura imirambi, n'amabuye arasatagurika;ariko Umukama ntiyari muri ico gihuhusi. Ico gihuhusi giheze haza ikintu kigigimvya isi, ariko Umukama ntiyari muri ico kintu. Hanyuma yaco niho haza umuriro, ariko Umukama ntiyari muri uwo muriro. Umuriro uzimye haca haza akayaga gakeyi. Eliya ngo akumve aca yipfuka umutamana wiwe mu maso, arasohoka ahagarara mu rwinjiriro rwa rya senga. Ijwi rimubwira riti: Eliya ukora iki  hano ?"Arishura ati:" Narurumbwemwo ni ishaka ry'Umukama, nyen'Ingabo" (1Abami 19,11-14).

Igisabisho ni co gishobora gutuma umuntu atsinda ibihendamaso, n’izindi ngorane zishobora kugeramira imenyekana  ry'Inkuru Nziza. Ni akarorero nyako Yezu aduha mu Njiri, igihe asaba abiwe ngo bamwame hafi (Mt 26,36-38). Igisabisho ni ubuzima bw’umukarumeli. Aberanda ba Karumeri bose bagaruka kenshi ku gisabisho. Bimwe vy'akaroruhore Ekleziya yita Tereziya wa Yezu umwarimu w’igisabisho. Uyu Tereziya rero niwe adusigurira neza mu nyandiko ziwe zose ingene yaganira n'Imana. Muri uyu mwaka Ekleziya yahariye kwemera nta kindi wosigarana abalayike atari ukwivugurura mu migenderanire y'abo n’Imana biciye mu buzima burangwa n’igisabisho ca misi yose . Umuvyeyi Bikira Mariya n'abaherekeze muri urwo rugendo rwa misi yose kandi abafashe kuvugurura indagano mwagiranye n’Imana igihe mwinjiye mu muryango mushasha w’abana b’Imana ariwo Ekleziya ku bw'Ibatisimu. Imana irakaninahazwa mu myaka yose. Amen


Back to content | Back to main menu